Bantu bo mw’Isi Yose

 


Bantu bo kw’isi yose himbaz’umukiza
Tumwakiran’urweze
Niwe bamye bavuga
Kuva mbere hose ba bahanuzi
ngw’azoza gukiza abantu.


Tumwakiran’urweze yaje kudukiza
Ingoyi za shetani
Twari twaracumuye
Twari nk’ibicibwa none turakize
Kristu yaje kudukiza


Ubu kw’isi no mw’ijuru, hari agahimbare
Kristu mwene Rugira
Yarigize umuntu
Avuka asa natwe kugira adukize
Ni umwami agaba vyose

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *